PIERRE BUYOYA REDISTRIBUE SES CARTES POUR DESTABILISER LE BURUNDI.

@Abenegihugu.com mise à jour. Source: www.shikaiburudi.net

Une réunion de déstabilisation du Burundi s’est tenue récemment en Ouganda. Sous le haut patronage de Pierre Buyoya, elle a accouché deux grandes résolutions. La mise en place d’une guérilla sous les bottes de Jérémie Minani et l’intervention de Maggy Barankitse pour décourager le rapatriement de réfugiés burundais. 
Cette option est motivée par la responsabilité indéniable de ce dictateur déchu dans l’assassinat du Président Melchior Ndadaye. Il se débat pour boycotter le box des accusés dans ce dossier ultra sensible. Il en demeure l’unique pièce maîtresse et commanditaire en Chef! 
Son jugement reste indispensable pour la stabilisation du pays, la réconciliation nationale et le triomphe de la Justice pour tous. Travailler avec lui pour organiser une rébellion, c’est actionner votre déroute programmée.
En effet, Pierre Buyoya est un mauvais meneur d’hommes, très mal intentionné. Il ne tient jamais ses promesses. Il ment comme il respire. La vie de ses suiveurs est le moindre de ses soucis. Pis encore, il assassine aussi bien ses proches que ses adversaires politiques. 
Il a une incohérence époustouflante dans ses mensonges ubuesques, ornés par des arguments fallacieux, sous une emphase à connotation ethnico-régionaliste. C’est du venin concentré. 
A bientôt 71 ans, son objectif n’est plus de reprendre le pouvoir. Ni par les urnes ni par les armes. C’est plutôt déclencher cette petite déstabilisation, tout en sachant parfaitement que ses combattants seront rapidement rasés, pacifiés et effacés. 
Une occasion idéale pour lui, Jérémie Minani, Margueritte Barankitse, … de reprendre du service. Adieu donc ces jeunes sacrifiés gratuitement! Il recrute aujourd’hui  Jérémie Minani pour ses talents artistiques de clown politique. Il est uniquement combattif sur le clavier de son portable. Un paranoïaque prenant ses rêves pour des réalités.
Egocentrique, orgueilleuse, vaniteuse et magouilleuse, Margueritte Barankitse n’est pas  plus sérieuse que ce nouveau chef rebelle virtuel. Elle nage à contre-courant, elle qui spécule sur le maintien de réfugiés en exil. Ses proches fixent le retour au pays dans 30 ans! Tout un bail pour assurer leurs affaires florissantes qui évoluent comme sur des roulettes en faisant de ces réfugiés, leur vache laitière.
Pendant ce temps, Pierre Buyoya oeuvre stratégiquement dans l’ombre pour retarder la Renaissance d’un Burundi uni, stable et prospère. Un pays sécurisé, fréquentable et rassurant. L’antithèse de cette pourriture dessinée récemment en Ouganda par ce noyau de Pierre Buyoya. 
C’est probablement le retour de l’honorable El Hadj Hussein Radjabu, annoncé très prochainement au Burundi, qui multiplie ses cauchemars et ses insomnies. Les prochains jours nous réservent pas mal de surprises. Une question désormais de quelques jours.

KIRUNDI

PETERO BUYOYA YASUBIRIYE KUVYURA UMUGARA MURI YA MIGAMBI YIWE YO KWAMA AHUNGABANYA AMAHORO N’UMUTEKANO MU BURUNDI.
Mu minsi iheze, haratunganyijwe mu gihugu ca Uganda, inama igamije guhungabanya amahoro n’umutekano mu Burundi, irongowe na Petero Buyoya. Muri iyo nama hapfunditswe ibintu bubiri:Gushinga umuhari w’abagwanyi urongowe na Yeremiya Minani; hamwe n’ikiganiro mu bimenyeshamakuru ca Maragarita Barankitse, kigamije kwiyamiriza no guca intege umugambi w’impunzi z’abarundi b’i Mahama bipfuza guhunguka.
Imvo n’imvano y’uko kuvyura umugara, ituruka ahanini kuruhara ntangere rwa Petero Buyoya mw’igandagurwa bunyamaswa rya nyakwigendera Prezida Melchior Ndadaye. Aguma ashacoba yibaza ko umwanya n’umwanya intahe Ishobora kumukubita mu gahanga.
S’agaseseshwa rumuri ko ico caha kimwagira; nico gituma intahe ibwirizwa kumwokera kugira ngo umutekano ugaruke mu gihugu, maze abarundi bongere banywane, ubutungane nabwo bisubirebushinge imizi. Atamba agaramye canke asutamye, arabesha, impera n’imperuka arawunywa!
Birateye agahinda kubona hakiriho abantu bacifuza gukorana n’uwo munyagikenye yaranzwe n’ikibi kibishe kuva kera na rindi. N’umuhemu atazi gushira mu ngiro ivyo yemeye; uko ahema niko abesha, abo bari kumwe mu mugambi naho bose bohasiga amajigo ntaco bimubwira.
Gahebuza, nta kinya agira mu kwica no kuzimanganya abakeba, co kimwe n’abo basangiye umugambi wa politike. Ikinyoma ciwe gishingiye kumacakubiri y’ubwoko n’intara acira urubeya, ubumara bwica! 
Ku myaka 71, ntarajwe ishinga no gusubira kubutetsi biciye mu matora canke ku gikenye. Ihibambewe! Agamije kuvyura akajagari kandi azi neza ko abayoboke biwe bazohasiga amajigo, maze we, Yeremiya Minani na Maragarita Barankitse babe barabukura mu cibo. Urwaruka narwo, rushake ruhahonere!  
Petero Buyoya mu guhitamwo gukorana na Yeremiya Minani, n’uko azi neza ko ari akamaga muri politike; urugamba rwiwe n’urwo amajambo gusa. Yama yitiranya indoto n’ukuri!Uwiswe Maragarita Barankitse nawe, n’akagenegene nka Yeremiya. Arangwa no kwikunda birenze urugero, akagaye kanuka, amanyanga, ubwishime bujejeta, hamwe no gusuzugura abadashaka gukurikira intumbero yiwe. Aho kwiyumvira ukuntu abarundi botahuka, yipfuza ko bomara mu buhungiro nk’imyaka mirongo itatu n’imiburiburi!
Ikinyegeje inyuma y’ivyo vyose, n’uko bo baguma bayanga ivyo bihe bibi impunzi zirimwo, bagatunga bagatunganirwa;Buyoya nawe akaba aramazekabiri ataco yinona, Uburundi butabasha kwiyunga, gutekana, kwizigirwa no gutera imbere.
Igituma abo bari muri iyo nama muri Uganda basya batazambaye si ikindi; biranugwanugwa ko itahuka ryimirije ry’umushingamateka El Hadj Hussein Radjabu rituma bata ubwoko, bakarazirana, tutavuze kutagoheka. Uwuzoramba azobona! Mu minsi iri ku rushi ukuri kuraja ahabona! 
www.shikaiburundi.net


Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *